Wayne Rooney wahoze akinira Manchester United ashobora kugaruka I Machester

Wayne Rooney wakiniye Manchester united imyaka 13 mbere yuko asubira mw’ikipe yakuriyemo ya Everton mu mwaka wa 2017, uyu mugabo ashobora kwisanga yahuye n’ikipe yakinnyemo (Manchester United), mu gihe ikipe ya Derby Count yaba ikuyemo Northampton mukiciro cya kane cy’imikino ya FA Cup.

Manchester City ifite iki gikombe izahura na Sheffield Wednesday, Chealsea yo ikazakira ikipe izaba yatsinze hagati ya Liverpool na Shrewsbury naho Arsenal yo ikazahura na Portsmouth nyuma yuko yatsinze Bournemouth.

Iyi mikino yose izakinwa kuva hagati y’itariki 3-5, Werurwe 2020. Ronney watsindiye Ubwongereza ibitego byinshi mu mateka, yagiye mu kiciro cya kabiri mu bwongereza muri uku  kwa mbere, mu ikipe  ya Derby County nk’umukinnyi ariko akaba n’umutoza.

 Uyu mugabo w’imyaka 34, yatsindiye Manchester United ibitego 253 mu mikino 559 yakiniye iyi kipe y’amashitani atukura, atwarana na yo ibikombe 5 bya shampiyona y’abongereza, igikombe 1 kimwe cya Europa League ndetse n’igikombe cya FA Cup nyuma yaho ajya  mu ikipe ya Everton yahozemo, kuri miliyoni 27 z’Amayero mbere yuko aza muri Manchester muri 2004.

Tombora y’ikiciro cya 5 cy’imikino ya FA Cup.

Shiffield Wednesday na Manchester City

Reading cyangwa Cardiff City na Shiffield United

Chelsea na Shrewsbury cyangwa Liverpool

West Bromwich Albion na Newcastle cyangwa Oxford United

Leicester City na Coventry City cyangwa Birmingham City

Northampton Town cyangwa Derby County na Manchester united

Southampton cyangwa Tottenham Hotspurs na Norwich City.

Umwanditsi: DUKUNDANE Ildephonse